KIR: Kaze ku rubuga ngurukana bumenyi rw'abizera , "Umusaraba w'intahe". Sesangura intahe zubaka ubuzima bw'umukristo, aho aherereye  kw'isi hose. N'iteka ryo gusangira namwe ibi bishingantahe bibaha icizere vyongeye kubaremesha .

FR: Bienvenue sur La Croix des Témoignages, votre source d'inspiration et de foi. Découvrez des témoignages édifiants dans la vie des croyants du monde entier. Nous sommes ravis de partager ces récits authentiques avec vous, porteurs d'espoir et de réconfort. 

Turi bande?(Qui sommes-nous?)

KIR: Umusaraba w'intahe ni iciyumviro kigamije guha akaryo abizera, gushinga intahe (zabo, Imana Yabahaye), aho bakwiye isi yose. Ihangiro ryacu rero rikaba ari ryo  gushiraho amasanganzira y'intahe zubaka abanyotewe mu buryo bw'impwemu, abatakaje icizere n'abananiwe. Twizera ubushobozi buri mu ntahe z'ukuri(zishimikiye kw'Ijambo ry'Imana) bukomeza kandi bugashigikira umukristo, mu rugendo rwiwe rw'umusaraba rwa buri munsi! Ntabwo na gato tugamije gushinga urushengero(idini) .Yamara, twizera guterera agacumu k'ubumwe mu kuzana Umuco(Intahe zubakiye kw'Ijambo ry'Imana) ku mishaha yatoranijwe, ngo imenye ikibanza kimwe conyene catororokanijwe n'Imana  ngo tuyisengeremwo (muri Kristo).

 

FR: La Croix des Témoignages est un projet personnel dédié au partage de témoignages de croyants en provenance des quatre coins du monde. Notre objectif est de créer un espace où chacun peut trouver inspiration, réconfort et espoir à travers des récits de foi authentiques et touchants. Nous croyons en la puissance des témoignages pour renforcer et encourager chaque croyant dans son cheminement spirituel. Nous n'aspirons pas à créer une église physique. Toutefois, nous espérons contribuer à apporter La Lumière aux âmes élues ,afin qu'elles soient éclairées et orientées vers  le  seul chemin pourvu par Dieu  pour entendre nos prières (en Christ)!